Uko wahagera

Reta Y’Ubumwe Muri Congo, Izoshingwa Vuba


Joseph Kabila , president w'igihugu ca Republika ya Congo Iharanira Demokrasi
Joseph Kabila , president w'igihugu ca Republika ya Congo Iharanira Demokrasi

President wa Republika ya Congo Iharanira Demokrasi, Joseph Kabila yatangaje kw’azoshinga reta y’ubumwe, izogarukana umutekano mu gihugu.

Mw’ijambo yashikirije inama nshingamateka uyu musi ku wa gatatu, yavuze kw’iyo reta y’ubumwe izoshingwa vuba, kandi kw’izoba irimwo abahurikiye mu migambwe itavuga rumwe na reta hamwe n’abo muri societe civile.

President Kabila yavuze kw’azofata ingingo zizokwisunga ivyiyumviro birenga 600 vyashikirijwe na reta; abatavuga rumwe na reta hamwe n’abahurikiye muri societe civile, bamaze indwi zitatu bari mu biganiro mu kwezi guheze.

Yavuze ko mu bintu reta yiwe izoshira ku rutonde rwa mbere, hazoba harimwo kugarukana amahoro hamwe n’ukunagura ukuntu abanyagihugu babayeho.
Igihugu ca Republika ya Congo Iharanira Demokrasi, kiri ku rutonde rwa nyuma rw’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu bijejwe iterambere ry’umunyagihugu.

Intara zo mu buseruko bwa Congo, zarasinzikajwe n’ingwano zimaze imyaka itari mike: Izo ngwano zarakuye mu zabo abanyagihugu baharurwa mu maliyoni.
XS
SM
MD
LG