Uko wahagera

Ukraine yaratanguye Gufatira Ingingo Zikomeye Abashaka Kwiyonkora, mu Buseruko bw'Igihugu


Abasirikare b'igihugu ca Ukraine bari kuri barriere hafi y'igisagara ca Izium mu buseruko bwa Ukraine
Abasirikare b'igihugu ca Ukraine bari kuri barriere hafi y'igisagara ca Izium mu buseruko bwa Ukraine
Inteko z’igihugu ca Ukraine, zaijanywe n’indege, zarurukiye ku kibuga c’indege, mu buseruko bw’igihugu, mu ntango y’igisa n’igikorwa c’ugufatira ingingo zikomeye za gisirikare abashaka kwiyonkora kuri Ukraine, bashigikiye igihugu c’Uburusiya, bafashe inyubakwa za Reta, mu bice cumi biri, hafi y’urubibe n’igihugu c’Uburusiya.

Ukwururukira kw’inteko za Reta y’igihugu ca Ukraine, ku kibuga c’indege c’ahitwa Kramatorsk, vyatumye haba inkuru zitandukanye, ku vyabereye kuri ico kibuga c’indege, mu gihe Reta ya Ukraine itangaza ko yafashe ico kibuga c’indege.

Yamara ivyabona, harimwo abamenyeshamakuru b’ibihugu vy’I Bulaya na Amerika, bamenyesha kw’izo nteko z’igihugu ca Ukraine zakikujwe buno nyene n’abasivile baba muri ico gice, bakaba batashoboye gutera baja mu gisagara ca Kramatorsk, buno nyene. Abategetsi b’igihugu ca Ukraine bavuga kw’igikorwa nkico catangujwe, mu gisagara kiri hafi yaho, ca Slovyansk.

Imbere yaho, prezida w’infatakibanza w’igihugu ca Ukraine, Oleksandr Turchynov, yatangaje kw’inteko za Reta zatanguye igikorwa ca gisirikare citondewe, mu gice co mu buseruko bw’igihugu kivuga ururimi rw’ikirusiya, inyuma yuko ikiringo ntarengwako, ku bantu bitwaje ibirwanisho bari mu myiyerekano kugira babe bashize hasi ibirwanisho vyabo kirenganye, ku musi wa mbere, ivyo bitabaye.

Abategetsi bo mu biro kwa prezida wa Amerika, Maison Blanche, ku musi wa kabiri, barahayagije abategetsi b’igihugu ca Ukraine, kubona batangaje ko bafise imigambi y’ukwifata, bakagenda bahabuza ibibanza vyafashwe n’abari mu myiyerekano buhoro buhoro.
XS
SM
MD
LG