Uko wahagera

Umwaka Urarangiye Habaye Igitero ca Bombe mu Gisagara ca Boston


Umwanya w'agacerere mu gihe c'ukwibuka abahitanywe n'abakomerekejwe n'igitero c'amabombe cabereye mu gisagara ca Boston, muri Amerika mu mwaka uheze
Umwanya w'agacerere mu gihe c'ukwibuka abahitanywe n'abakomerekejwe n'igitero c'amabombe cabereye mu gisagara ca Boston, muri Amerika mu mwaka uheze
Icegera ca prezida wa Amerika, Joe Biden, yavuze kw'ukwibuka umwaka urangiye habaye ibitero vya bombe, mu gisagara ca Boston, igihe hariko habera ihiganwa rya Marathon, atari umusi ukomeye ku barokotse gusa, ko yamara ari umusi ukomeye ku gihugu cose ca Amerika.

Amabombe abiri abategetsi bavuga ko yari yashizwe n’abanya Chechniya babiri bavukana, Tamerlan na Dzhokhar Tsarnaev, hafi y’ikibanza c’ukurangirizamwo ihiganwa rya marathon, yahitanye abantu batatu, abandi barenga amajana abiri na mirongo itanu barakomereka.

Mw’iajmbo yashiskirije, ku musi wa kabiri mu gisagara ca Boston, ku musi w’ukwibuka umwaka urangiye ivyo bitero vya bombe bibaye, muri ico gisagara, Joe Biden yavuze kw’abarokotse ico gitero ari akarorero kerekana ko Amerika idashobora gutsindwa. Akaba yari afise ubutumwa nkubwo, ku bariko bategura kwiruka mw’ihiganwa rya marathon ryo muri uyu mwaka w’2014.

Umukuru w’igisagara ca Boston, Martin Walsh, na Bulamatari w’intara ya Massachusetts, Deval Patrick, baragize nabo nyene uruhara mu kwibuka abahitanywe hamwe, n’abakomerekejwe, n’amabombe yaturikiye mu gisagara ca Boston, mu mwaka uheze.
XS
SM
MD
LG