Uko wahagera

Ban Ki-moon, na John Kerry, bari i Cairo, Gufasha Gutuma Haba Agahengwe, Hagati ya Israel na Hamas


 John Kerry ariko yakirwa n'umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'igihugu ca Misiri, Nabil Habashi igihe yashika i Cairo italiki 21 z'ukwezi kw'iindwi, umwaka w'2014.
John Kerry ariko yakirwa n'umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'igihugu ca Misiri, Nabil Habashi igihe yashika i Cairo italiki 21 z'ukwezi kw'iindwi, umwaka w'2014.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe O-N-U, Ban Ki-moon, n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Jon Kerry, bari i Cairo, ku murwa mukuru w’igihugu ca Misiri, mu kigoro gashasha k’ugufasha gushika ku masezerano y’uguhagarika ingwano imaze indwi zibiri, hagati y’igihugu ca Israel n'abarwanyi b’umurwi Hamas, mu ntara ya Gaza.

Igihe yashika, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe O-N-U, Ban Ki-Moon, yasavye agahengwe atabibanje gusabwa. Vyari bitegekanijwe ko John Kerry, avugana na Ban Ki-moon, ku nfashanyo y’imiliyoni mirongo ine n’indwi z’amadolari, igenewe gufasha abantu ibihumbi n’ibihumbi bavuye mu vyabo, mu ntara ya Gaza.

Imbere yaho, prezida wa Amerika, Barack Obama, yatangaje kw’umugambi w’amahoro utegerezwa kuba ugenewe guhagarika ingwano, n’iyicwa ry’abasivile.

Ivyo bibaye mu gihe indege z’ingwano z’igihugu ca Israel zagize ibitero vy’amabombe, mu bibanza birenga mirongo itanu, vy’umurwi Hamas, ku musi wa mbere, harimwo ibibanza bibiri bikorerwamwo ibirwanisho, n’ibirwanisho birasa ama roquette bitandatu. Umurwi Hamas warashe ayandi ma roquette arenga miorngo itanu muri Israel, wongera ugerageza kwinjiza abarwanyi bawo, muri Israel, baciye mu mayora yo mu kuzimu, yamara inteko z’igihugu ca Israel zarabonye abarwanyi b’umurwi Hamas bariko bagerageza kwinjira, muri Israel, baciye muri ayo mayora, bica cumi muribo.

Abategetsi b’abanya Palestina batangaje kw’abantu barenga amajana atanu na mirongo irindwi, baba mu ntara ya Gaza, benshi muribo abasivile, bishwe mu bitero vy’igihugu ca Israel, harimwo abantu mirongo ibiri na batanu, mu gitero cagizwe, ku nzu umwe, ku musi w’Imana, ababa muri iyo nzu bose, bo mu muryango umwe, kiretse umuntu umwe, bakaba barahasize agatwe. Uwarusimvye kuri ico gitero, Sabri Abu Jamea, yariyamirije igitero c’igihugu ca Israel.

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Israel, Benjamin Netanyahu, yatangaje ko Israel iriko ikora ibishoboka vyose, kugira yirinde kwica abasivile. Yamara yavuze kw’umurwi Hamas, ariwo wagirizwa abasivile bicwa, igihe cose uwo murwi ubandanya ibitero vy’ama roquette, kuri Israel.

.

XS
SM
MD
LG