Uko wahagera

Abanya Nigeria Ibihumbi Cumi na Bitanu, Barahunze Igitero c'Umurwi Boko Haram


IUmuyobozi mukuru w'umurwi Boko Haram, Abubakar Shekau ari kumwe n'abarwanyi biwe.
IUmuyobozi mukuru w'umurwi Boko Haram, Abubakar Shekau ari kumwe n'abarwanyi biwe.

Umutegetsi w’igihugu ca Nigeria, avuga kw’abantu barenga ibihumbi cumi na bitanu, bahunze akarere ko mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu, inyuma y’igitero cagizwe n’umurwi Boko Haram.

Umuvugizi w’ibiro vy’igihugu bijejwe gutabara, mu bihe vyihutirwa, Abdulkadir Ibrahim, yatangaje kw’abasivile bahunze igisagara ca Damboa, n’imihana yo mu micungararo y’ico gisagara, mu kiringo c’imisi itari mike irangiye. Igitigiri c’ukuri c’abapfuye ntikizwi.

Ababa mu gisagara ca Damboa, bavuga kw'abarwanyi b’umurwi Boko Haram, bafashe ico gisagara, bakaba baradugije idarapo ryabo, hejuru y’inyubakwa za Reta.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’igihugu ca Nigeria, yatangaje, ku musi wa mbere kw’igisirikare ca Nigeria kitariko gihebera igice icarico cose c’igihugu, umurwi w’iterabwoba. Yatangaje kw’igisirikare kiriko kirongereza ibikorwa vyaco, muri akao karere.

Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Human Rights Watch, ryamenyesheje kw’abarwanyi b’umurwi Boko Haram, bishe abasivile barenga ibihumbi bibiri, muri Nigeria, mu mwaka uheze.

Iryo shirahamwe rimenyesha kw’abarwanyi b’umurwi Boko Haram, bagize ibitero bigera kw’ijana, mu mezi atandatu ya mbere y’uyu mwaka.

XS
SM
MD
LG