Uko wahagera

Bisa nuko Abarwanya Ubutegetsi bwa Ukraine Aribo Bakoroye Indege Itwara Abantu ya Malaysia


Umwe mu bashaka kwiyonkora kuri Ukraine ariko yereka agasandugu gafata amajwi abamenyeshamakuru
Umwe mu bashaka kwiyonkora kuri Ukraine ariko yereka agasandugu gafata amajwi abamenyeshamakuru

Abategetsi bajejwe iperereza muri Amerika, batangaje kw’ata cemezo cuko Uburusiya bwagize uruhara ruboneka, mw’ikororwa ry’indege itwara abantu y’igihugu ca Malaysia, mu buseruko bw’igihugu ca Ukraine, mu ndwi iheze.

Bavuga ko abarwanya ubutegetsi bwa Ukraine, bashigikiye Uburusiya, batimenyereje neza, bashobora kuba aribo bakoroye iyo ndege itwara abantu, kubera ukwihenda.

Abategetsi bajejwe iperereza muri Amerika baraciriye ku mayange, abamenyeshamakuru i Washington, ku musi wa kabiri, kw’isanganya y’indege itwara abantu y’igihugu ca Malaysia, yabaye italiki cumi n’indwi, z’ukwezi kw’indwi, aho basavye kw’amazina yabo adakoreshwa, ku bijanye n’ivya mbere bimaze gutorwa.

Abo bategetsi bamenyesheje kw'indege itwara abantu y’igihugu ca Malaysia, yari itwaye abantu 298, bisa nuko yakorowe n’abashaka kwiyonkora ku gihugu ca Ukraine, barashe misile kuri iyo ndege. Nta numwe mu bari muri iyo ndege yarokotse

Abo bategetsi bajejwe iperereza muri Amerika, bongeye bavuga ko batazi nimba hari Abarusiya boba bari bahari, igihe iyo misile yaraswa. Yamara batangaje kw’abategetsi b’Uburusiya bashizeho uburyo, bwatumye iyo ndege itwara abantu y’igihugu ca Malaysia ikororwa.

Mu kiringo c’imisi itanu irangiye, Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ukraine n’ibihugu bitari bike vy’I Bulaya, vyagirije Uburusiya ko bwatanze ama misile, arimwo iyakoroye iyo ndege itwara abantu y’igihugu ca Malaysia.

XS
SM
MD
LG