Uko wahagera

Uburusiya Bwararashe, ku Nteko z'Igihugu ca Ukraine.


Ukraine kw'ikarata
Ukraine kw'ikarata

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zagiriza Uburunsiya ko burasa ku birindiro vy’igisirikare c’igihugu ca Ukraine, mu karere ko mu buseruko bw’ico gihugu.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Amerika yatangaje, ku musi wa kane, kw’igitero c’Uburusiya ari ikimenyetso kigararara c’ukwongereza ingwano iri hagati y’igisirikare ca Ukraine, n’abashaka kwiyonkora kuri Ukraine, bashigikiye Uburusiya, batangaje ukwikukira ,mu ntara zitari nke zo mu buseruko bw’igihugu.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika, Marie Harf, yatangaje ko Amerika ifise ivyemezo bishasha kw’Uburusiya bufise imigambi y’uguha inteko zirwanya ubutegetsi bwa Ukraine, ibirwanisho bikomeye kurushiriza, birimwo ibirasa ama roquette. Ntiyashatse kuvuga ivyo ayo makuru yafatiyeko, canke ngo atangaze isoko, n’uburyo ayo makuru yaronswe.

Prezida wa Amerika, Barack Obama, yagirije Uburusiya ko buriko buha ibirwanisho bikomeye, n’ukumenyereza abarwanya ubutegetsi bwa Reta y’igihugu ca Ukraine, bagirizwa ko bakoroye indege itwara abantu y’igihugu ca Malaysia na misile mu ndwi iheze, mu vyahitanye abantu amajana abiri na mirongo icenda n’umunani.

XS
SM
MD
LG