Uko wahagera

Iyicwa rya Michael Brown n'Igihe Gihambaye, muri Amerika


Reverend, Al Sharpton, ariko ashikiriza ijambo mu gisagara caFerguson, muri Reta ya Missouri kw'italiki z'ukwezi kw'Umunani
Reverend, Al Sharpton, ariko ashikiriza ijambo mu gisagara caFerguson, muri Reta ya Missouri kw'italiki z'ukwezi kw'Umunani

Reverend Al Sharpton, umumwe mu bayobozi bw’Abanyamerika b’abirabure, yavuze kw’iraswa rya Micheal Brown, umukangara w’umuwirabure, ata kirwanisho yari afise, ryagizwe n’umupolisi w’umuzungu, ari igihe gihambaye kuri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Al Sharpton, yarashikirije ijambo, ku musi w’Imana, mw’ikoraniro ryabereye hagati mu gisagara na Ferguson, muri Reta ya Missouri, aho imyiyerekano, n’ugusahura vyakwirikiye iyicwa kw’italiki icenda z’ukwezi kw’umunani rwa Michael Brown, yari afise myaka cumi n’icenda.

Umushikiranganji ajejwe ubutungane wa Amerika, Eric Holder, yatangaje, ku musi w’Imana kw’umuganga wa Reta ajejwe gusuzuma uburyo abantu baba bapfuye, asubira gusuzuma uburyo Brown yishwe, bifatiye ku vyasabwe n’umuryango wiwe, n’ukubera iyicwa rya Brown, ari ikibazo kitoroshe.

Ku musi w’Imana kandi, Bulamatari w’intara ya Missouri, Jay Nixon, yatangaje kw’abategetsi bazobandanya kwubahiriza couvre-feu, mu gihe habaye uguhangana gukomeye hagati y’igipolisi, n’abari mu myiyerekano.

Prezida wa Amerika, Barack Obama, yagumye acirirwa ku mayange, ku vyerekeye imyiyerekano, mu gisagara ca Ferguson, mu gihe yariko aruhukira mu kibanza ca Martha’s Vineyard ,mu ntara ya Massachusetts, iri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Mu masaha ya kare yo ku musi w’Imana, abantu indwi barahagaritswe, igihe igipolisi cakoresha umwotsi, n’imyuka ibabaza mu maso, kugira cubahirize couvre-feu, mu gisagara ca Ferguson.

XS
SM
MD
LG