Uko wahagera

Turkiya Yemeye Gufasha Aba Kurde Kuja Kurwana, mu Gisagara ca Kobani


TUmushikiranganji ajejwe wimigenderanire w'igihugug ca Turkiya, Mevlut Cavusoglu, i buryo, ari kumwe n'umushikiranganji ajejwe wimigenderanire wa Amerika,John Kerry
TUmushikiranganji ajejwe wimigenderanire w'igihugug ca Turkiya, Mevlut Cavusoglu, i buryo, ari kumwe n'umushikiranganji ajejwe wimigenderanire wa Amerika,John Kerry

Igihugu ca Turkiya catangaje ko kiriko kirafasha aba Kurde, bo muri Iraki, kwinjira mu gihugu ca Syria, gufasha abarwanyi b’aba Kurde, mu gihe bariko barwanya umurwi Islamic State, mu gisagara ca Kobani.

Ivyo vyatangajwe, ku musi wa mbere, n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’igihugu c’Ubugiriki, Mevlut Cavusoglu, vyabaye mu gihe Reta Zunze Ubumwe Za Amerika zatangaje ko zakoroye ibirwanisho n’indege, amasasi, n’imiti vy’abategetsi b’aba Kurde, mu gihugu ca Iraki, bigenewe inteko z’aba Kurde ziriko zikingira sigisagara ca Kobani, mu bumanuko bw’urubibe rw’igihugu ca Turkiya.

Nta birenga ngaho umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’igihugu ca Turkiya, Mevlut Cavusoglu, yamenyesheje, ku nfashanyoTurkiya iriko iha abarwanyi b’aba Kurde.

Yamara yavuzeko kw’abategetsi b’igihugu ca Turkiya bashaka gukuraho ibibazo biri ku rubibe rw’igihugu cabo, bakaba bariko bakorana n’urunani ruyobowe na Amerika ruriko rurwanya abarwanyi b'umurwi Islamic State.

Ku musi w’Imana, prezida wa Turkiya, Recep Tayyip Erdogan, yatangaje kw’igihugu ciwe kitazoha ibirwanisho abarwanyi b’aba Kurde, mu gihugu ca Syria.

XS
SM
MD
LG