Uko wahagera

Amerika: Gukurikirana Ebola ku Bavuye muri Liberia, Gineya na Sierra Leone


Umuntu aherutse kugendera zigihugu ca Guinee, ariko arasuzumwa bikomeye ku kibuga c'indege mpuzamakungu ca Atlanta muri Amerika
Umuntu aherutse kugendera zigihugu ca Guinee, ariko arasuzumwa bikomeye ku kibuga c'indege mpuzamakungu ca Atlanta muri Amerika

Abategetsi bajejwe amagara y’abantu, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, bategetse abantu bavuye mu bihugu vyo mu karere ko muri Afrika yo mu burengero, gukwirikirana amagara yabo, mu kiringo c’imisi mirongo ibiri n’umwe, hanyuma bagatanga amakuru, imisi yose, ku bimenyetso ivyarivyo vyose, vy’indwara ya Ebola.

Abo bantu boba bavuye mu bihugu vya Guinee, Liberia na Sierra Leone, ibihugu aho indwara ya Ebola yatse indaro.

Uwo mugambi uzotangura, ku musi wa mbere, mu ma Reta atandatu yo mu buseruko bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Georgia, Maryland, New Jersey, New York, Pennsylvania na Virginia, aho benshsi mu bantu bavuye muri ivyo bihugu bogendera.

Abantu bazoba bavuye mu bihugu vya Guinee, Liberia na Sierra Leone, bazohabwa ibikoresho bipima Ebola, igihe bazoba bashitse, ku bibuga vy’indege, harimwo igipimo c'ubushuhe bw'umubiri, thermometre.

Abategetsi bajejwe amagara y’abantu, muri Amerika, bavuga kw’imisi mirongo ibiri n’umwe ariyo misi Ebola imara, mu muntu kugira yibonekeza.

Ku musi wa gatatu, abaganga n’abaforoma bashasha bo mu gihugu ca Cuba baragiye, mu bihugu vya Guinee, na Liberia, gufasha kurwanya ikiza ca Ebola.

XS
SM
MD
LG