Uko wahagera

Canada: Izina ry'Uwarashe Ottawa Ryaratangajwe


Abapolisi bariko baregereza inyubakwa y'inama nshingamateka ya Canada, mu gisagara ca Ottawa, inyuma yuko umuntu yitwaje ikirwanisho arashe muri iyo nyubakwa
Abapolisi bariko baregereza inyubakwa y'inama nshingamateka ya Canada, mu gisagara ca Ottawa, inyuma yuko umuntu yitwaje ikirwanisho arashe muri iyo nyubakwa

Abategetsi ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika, bavuga kw’umutegetsi ajejwe kwubahiriza amategeko mu gihugu ca Canada, ariko atohoza Michael Zehaf-Bibeau, nk’umuntu yikekwa mu kurasa kwabereye, mu nyubakwa y’inama nshingamateka y’igihugu ca Canada, no mu micungararo y’iyo nyubakwa.

Mu masaha akuze yo ku musi wa gatatu, abategetsio babiri b’Abanyamerika batangaje kw’ibiro bijejwe kwubahiriza amategeko, vyo muri Amerika, vyamenyeshejwe kw’umwe mu barashe yari umunya Canada, yahindutse umu Islamu. Umwe mu bategetsis ba Amerika yamenyesheje kw’uwo muntu ava, mu ntara ya Quebec.

Imbere yaho, amasasi atari make yarumvikanye, mu nyubakwa z’inama nshingamateka y’igihugu ca Canada, mu gisagara ca Ottawa, inyuma yuko umuntu afise inkoho arashe, akica umusirikare yari arariye icibutso c’ingwano igihugu ca Canada, cagizemwo uruhara.

Igipolisi kivuga kow'mwe mu bantu bari bitwaje ibirwanisho, yishwe arashwe, imbere mu nyubakwa nkuru y’inama nshingamateka. Yamara igipolisi kimenyesha kw’abantu babiri, canke batatu babonwa ko bagize uruhara muri ukwo kurasa mu nyubakwa z’inama nshinagamateka ya Canada.

Mu masaha yo ku mutaga, ku musi wa gatatu, abategetsi b’igihugu ca Canada bariko bararondera uwundi muntu umwe, canke babiri, bikekwa muri ivyo bitero.

Prezida wa Amerika, Barack Obama, yaravauganye, kuri telefone, n’umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Canada, Steven Harper, inyuma y’ivyo bitero, akaba yameneysheje kw’ukubandanya gukorana, hagati y’abategetsi ba Amerika, n’igihugu ca Canada, ari ikintu gikomeye cane.

XS
SM
MD
LG