Uko wahagera

Burkina Faso: Ibintu Ntibitomoye, ku Murwa Mukuru, Inyuma Yuko Abari mu Myiyerekano Barinjiye, mu Nyubakwa y'Inama Nshingamateka


Abari mu myiyerekano y'ukwiyamiriza umugambi wa prezida wa Burkina Faso, Blaise Compaore, w'uguhindura ibwirizwa shingiro, kugira agaume ku butegetsi.
Abari mu myiyerekano y'ukwiyamiriza umugambi wa prezida wa Burkina Faso, Blaise Compaore, w'uguhindura ibwirizwa shingiro, kugira agaume ku butegetsi.

Bitegekanijwe kw’igisirikare c’igihugu ca Burkina Faso, gishikiriza itangazo ku ruhagarara ruri ku murwa mukuru w’igihugu ca Burkina Faso, Ouagadougou, aho abari mu myiyerekano baturiye inyubakwa y’inama nshingamateka, uno musi ku wa kane, bongera baja mu kibanza kirimwo ibiro vy’umukuru w’igihugu.

Aho prezida wa Burkina Faso, Blaise Compaore ari ntihazwi, mu gihe abamenyeshamakuru bari barindiye ikiganiro, ku cicaro gikuru c’igisirikare, ku murwa mukuru, Ouagadougou.

Radiyo Ijwi rya Amerika ryemeje amakuru avuga kw'ikibuga c’indege cugaye.

Akajagari kadutse, uno musi ku wa kane mu gitondo, igihe abashingamateka bariko bitegurira gutora, ku mugambi washikirijwe w’uguhindura ibwirizwa shingiro, mu vyorekurira prezida Blaise Compaore, yatwaye Burkina Faso kuva mu mwaka w’1987, kurondera kwitoza mu kindi kiringo mu matora yo mu mwaka uza.

Reta by’igihugu ca Burkina Faso, yatangaje kw’ihevye akigoro k’ukwongereza ibiringo vy’umukuru w’igihugu, gatoyi inyuma abari mu myiyerekano bateye inyubakwa y’inama nshingamateka, bagasahura mu zindi nyubakwa, ku murwa mukuru wa Bukrina Faso, Ouagadougou.

Abari mu myiyerekano binjiye kandi, mu nyubakwa ya televiziyo ya Reta, yahagaritse ibiganiro, mu kanya gatoyi, inyuma yuko isomye itangazo rya Reta.

Imbere y'inyubakwa y’inama nshingamateka, igipolisi kijejwe kurwanya imigumuko, cakoresheje imyuka ibabaza mu maso, n’imiringoti y’amazi, mu kigoro k’ugumiza kure abari mu myiyerekano, ibihumbi n’ibihumbi, yamara barashoboye kurengana ama barriere, igipolisi cari cashizeho, barinjira mu nyubakwa y’inama nshingamateka.

Umugambwe uri ku butegetsi, mu gihugu ca Burkina Faso, umaze amezi n’amezi usaba guhindura ibwirizwa shingiro, kugira igitigiri ntarengwako c’ibiringo bibiri vya prezida, cagiye mu ngiro mu mwaka w’2000, kivanweho.

XS
SM
MD
LG