Uko wahagera

Nigeria: Igisirikare Carasubiye Kwigarurira Igisagara ca Baga


Igisagara ca Baga kw'ikarata ya Nigeria
Igisagara ca Baga kw'ikarata ya Nigeria

Igisirikare c’igihugu ca Nigeria, catangaje ko casubiye gufata igisagara gikomeye ca Baga, kiri ku rubibe, cari mu minwe y’umurwi, Boko Haram, mu gihe ayandi makuru avuga kw’abarwanyi b’umurwi Boko Haram babandanije ibikorwa vyabo vy’ubwicanyi, mu bindi bice vyo mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Nigeria.

Umuvugizi w’igisirikare ca Nigeria, Chris Olulokade, yatangaje kw’inteko za Reta, zifashijwe n’indege z’ingwano, zafashe igisagara kirimwo ikambi y’igisirikare ca Baga, inyuma y’ingwano ikomeye, ku musi wa gatanu.

Mw’itangazo, mu gitondo co ku musi wa gatandatu, Olukolade, yavuze ko abarwanyi batari bake bishwe, canke barakomereka, mu gutana amu mitwe, kandi benshi mu barwanyi barasomye nturi, mu kiyaga Chad, mu gihe bariko bagerageza guhunga.

Baga, n’ikibanza cabereyemwo ubwicanyi bukabije bw’abasivile, bwagizwe n’umurwi Boko Haram, mu ntango z’uyu mwaka, aho abantu bagera ku bihumbi bibiri bishwe. Ico gisagara ca Baga kiri kw’ibarabara rikomeye, ku rubibe rw’ibihugu vya Nigeria, Chad, Niger na Cameroun, ico gisagara cari mu minwe y’umurwi Boko Haram, kuva mu ntango z’ukwezi kwa mbere. Benshi mu baba muri ico gice barahunze.

Igisagara ca Baga, kiri hafi y’ikambi y’igisirikare ya Doron Baga, ikibanza gikoreshwa n’inteko zirwanya umurwi Boko Haram.

Ugutana mu mitwe kwariyongeye, mu kwezi guheze, kuva ibihugu vya Niger, Chad na Cameroun, vyifatanije na Nigeria, mu kurwanya umurwi Boko Haram.

XS
SM
MD
LG