Uko wahagera

Somaliya: Al-Shabab Yarateye Ikibanza Kirimwo Ibiro vya Prezida


Somalia kw'ikarata
Somalia kw'ikarata

Abategetsi bajejwe umutekano muri Somalia batangaje kw’ibisasi vya mortier vyaguye, mu kibanza kirimwo biro vya prezida, ku murwa mukuru, Mogadisho ku musi wa kane, mu gitero umurwi w’abarwanyi, al-Shabab, wiyitiriye.

Umurwi, Al-Shabab, watangaje ko warashe ivyo bisasi vya mortier, vyaguye muri ico kibanza. Ivy’uko hari abapfuye canke abakomerekejwe n’ivyo bisasi, ntibitomoye.

Umurwi al-Shabab, wagirijwe igitero ca bombe gaziwe, mu ndwi iheze kw’ihoteri, ku murwa mukuru, Mogadisho, cahitanye abantu mirongo ibiri na batanu, canke barenga, harimwo abategetsi ba Reta babiri, gikomeretsa icegera c’umushikiranganji wa mbere.

Icegera c’umukuru w’igisagara ca Mogadisho, Mohamed Aden Guled, n’umushingamateka, Omar Ali Nor, bari mu bapfuye, muri ico gitero.

Mu bantu mirongo ine bakomeretse, harimwo icegera c’umushikiranganji wa mbere, Mohamed Omar Arte, n’umushikiranganji ajejwe gutwara abantu n’ibintu n’indege, Ali Ahmed Jama Jangali.

XS
SM
MD
LG