Uko wahagera

Burundi: Umugambwe CNDD-FDD Wafuse Abanywanyi 10


Perezida Pierre Nkurunziza
Perezida Pierre Nkurunziza

Umugambwe CNDD-FDD kuruno wagatatu igenekerezo rya 25 ukwezi kwa gatatu wafuse abanywanyi 10 bari mubandikiye umukuru w’ igihugu Petero Nkurunziza bamusaba kutitoza mu mabanga yo kurongora igihugu mu matora yimirije.

Abo bafuswe ngo babona ko kwitoza murico kibanza bishobora gusubiza uburundi mu kaga amaraso agasubira guseseka.

Abafuswe burundu muri CNDD-FDD ni Léonidas Hatungimana avugira umukuru w’ igihugu, Onésime Nduwimana yahora avugira umugambwe CNDD-FDD, Généviève Kanyange, Oscar Ndayiziga, Bucumi Moise, François Barahemana, Evariste Nsabiyunva, Jean Berchmans Simbakwira, Jean Berchmans Niragira na Anselme Nyandwi .

Abo bafuswe ngo n’ abagumutsi binyegeza inyuma y ‘ikiringo ca gatatu c’ umukuru w’ igihugu ariko muvyukuri bashaka intwaro y’ infata kibanza. Gélase-Daniel Ndabirabe avugira CNDD-FDD akaba amensha ko nabandi bazofutwa mugihe bizogaragara ko bafise uruhara muriyo ngendo igayitse.

Festus Ntanyungu, umushingamateka yatowe mu ntara ya Bururi, aserukira abo bandikiye umukuru w’ igihugu yamenyesheje ko gufuta abantu mu mugambwe atariyo nyishu afatiye kuri kahise k’ Uburundi.

please wait

No media source currently available

0:00 0:02:28 0:00

Abo bariko barafata izo ngingo ngo hari igihe hazogera aho bibaza ngo iyo menya. Festus ntanyungu akaba agabisha umushikiranganji w’ umutekano yatanze itegeko ryo kwaka bamwe murabo bateye igikumu kururwo rwandiko abahora babacungerera ubuzima ko uwuzogira ico aba ariwe azobibazwa.

Inyuma y’aho abanyanyi bakomeye bo mu mugambwe CNDD/FDD bakomereje kwandikira umukuru w’igihugu, Ijwi ry’Amerika ryifuje kumenya ico perezindansi y’u Burundi ibivugako. Frederic Nkundikije yabajije umushingantahe Willy Nyamitwe, umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu. Kuri we Nyamitwe ngo ico gitgiri c’abo banywanyi ni gito cyane.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:25 0:00

XS
SM
MD
LG