Uko wahagera

Burundi: Ukwihangana Birakenewe Kugira Bihagarike Ubundi Bwicanyi


Imyiyerekano y'abapfasoni mu gisagara ca Bujumbura
Imyiyerekano y'abapfasoni mu gisagara ca Bujumbura

Uruhagarara rwa politike rurabandanya mu Burundi, aho abategetsi bakomeye ba Reta birukanywe mu mabanga yabo, inyuma yuko bamwe mu ntwazangabo bagerageje gutembagaza Reta.

Kw’italiki cumi n’indwi z’ukwezi kwa gatanu, imisi itanu inyuma yuko coup d’etat igeragejwe, prezida w’Uburundi, Pierre Nkurunziza yarasohoye itegeko rikura mu mabanga yabo abashikiranganji bajejwe imigenderanire, kwivuna abansi n’ubudandaji.

No mu gihe prezida yaseruka ubwa mbere, mu gisagara ca Bujumbura, kuva habaye igeregezwa rya coup d’etat, kugira yerekane kw’ariwe akiramutswa igihugu, imyiyerekano mu mabarabara yarabandanije ku migambi yiwe y’ugusubira kwitoza mu kiringo kigira gatatu.

Abadashigikiye uwo mugambi bavuga ko biciye kubiri n’ibwirizwa shingiro n’amasezerano ya Arusha, yagize uruhara rukomeye mu kurangiza ingwano yamaze imyaka cumi n’itatu mu gihugu.

Ugutangaza ko prezida Nkurunziza azosubira kwitoza mu kindi kiringo, vyatumye haba imyiyerekano mu mabarabara, imyiyerekano igipolisi cagerageje guhagarika gikoresheje imiringoti y’amazi, imyuka ibabaza mu maso n’insororo z’ukuri.

Abantu bagera kuri mirongo ibiri bavugwa ko bamaze kwicwa, abandi amajana n’amajana barakomereka, mu gihe abantu amajana n’amajana batawe mu mvuto mu kiringo kiri hafi y’indwi zine z’imyiyerekano.

Muri ico gihe, gutera ubwoba abantu n’ubwicanyi bigirwa n’abarwanyi b’imikangara b’umugambwe uri ku butegetsi, imbere y’amatora y’abashingamateka ategekanijwe kw’italiki 26 z’ukwezi kwa gatanu, n’amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe kw’witaliki 26 z’ukwezi kwa gatandatu, vyatumye Abarundi ibihumbi n’ibihumbi bahungira mu bihugu bihana imbibe n’Uburundi.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziratewe amakenga bikomeye n’amaraso ashobora kubandanya guseseka, harimwo amakuru avuga ku bwicanyi bw’ukwihora inyuma y’igeragezwa rya coup d’etat.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zisaba impande zose kurondera ubwumvikane n’ubumwe, ah’ukurondera kwihora muri iki gihe hari umwuka mubi cane mu Burundi.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zafashe ingingo z’ukuziririza kwinjira ku butaka bwa Amerika abantu bavurwa ko batyoje uburenganzira bw’ikiremwa muntu, kandi zizokwiyumvira izindi ngingo ku wariwe wese ateguye, agize uruhara canke ategetse ubwicanyi ku basivile.

Nta mugambi numwe w’ugufata ubutegetsi mu mu buryo butemewe n’amategeko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zishigikiye.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zibandanya kwemera ko kwubahiriza ivyumvikanyweko, mu masezerano y’I Arusha, harimwo ingingo itegekanya ibiringo vya prezida, ari nkenerwa cane kugira umutekano n’amahoro bigaruke mu Burundi.

Twizeye ko prezida Nkurunziza azoshira imbere inyungu z’igihugu n’iragi ryiwe, mu gihe yiyumvira nimba yobandanya umugambi wiwe udahuriweko na abose w’ukwitoza mu kiringo kigira gatatu.

Ukwitoza kwiwe mu kindi kiringo bizogeramira intambwe Uburundi bwari bugezeko, mu vyerekeye ubutunzi na demokrasi.

Bimwe mu bihugu vyo mu mahanga bitanga infashanyo biza vyarayihagaritse.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zirakira neza utwigoro tw’uguhuza tw’ishirahamwe O-N-U, n’umuryango w’ubumwe bwa Afrika, zikaba zisaba aberwa n’ikibazo c’Uburundi bose kugira uruhara rwubaka mu gutorera inyishu ibibazo biri mu Burundi muri iki gihe, biciye mu mahoro no mu nzira ya demokrasi.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zirakira neza, cane cane, ivyatangajwe n’ikoraniro mpuzamakungu ku karere k’ibiyaga binini, ku rugendo rw’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’epfo, Kenya, Uganda na Tanzania i Bujumbura, mu misi iri imbere kubonana n’impande zose.

Uburundi bwaragize intambwe kuva ingwano yari mu gihugu yahitanye abantu batari bake irangiye.

Reta Zunze Ubumwe zisubiye gutangaza ko zishigikiye bikomeye Abarundi, muri ibi bihe bitoroshe na gato.

XS
SM
MD
LG