Uko wahagera

Burundi: Prezida Nkurunziza Yateye Akamo k'Amatora Arangwa n'Amahoro


Prezida w'Uburundi, Pierre Nkurunziza
Prezida w'Uburundi, Pierre Nkurunziza

Prezida w’Uburundi, Pierre Nkurunziza, yabwiye abanyagihugu kw’amatora yimirije azoba mu mahoro, akaba yamenyesheje kw’uruhagarara rwaranzwe muri iyi misi mu gihugu ruterekana kw’ibintu vyifashe nkuko, mu bindi bice vy’igihugu, naho imyiyerekano ibandanya.

Ivyo Prezida Nkurunziza yabitangaje kuri televiziyo ya Reta, ku mugoroba wo ku musi wa gatatu, aho yatangaje kw’amatora yimirije y’abashingamateka azokwigizwayo indwi imwe, mu kuba kw’italiki zitanu z’ukwezi kwa gatandatu, kubera uruhagarara ruhari muri iki gihe.

Abarwanya prezida baregerageje kugira coup d’etat mu ndwi iheze, igihe yari hanze y’igihugu mu nama y’abategetsi bo mu karere. Iyo coup d’etat ntaco yashitseko, yamara uruhagarara rurabandanya uko umusi utashe.

Uno musi ku wa kane, abari mu myiyerekano baratanye mu mitwe n’igipolisi, aho bateye amabuye mu gihe abapolisi bakoresheje imyuka ibabaza mu maso. bararasa insoro mu kirere.

Ivyabona bavuga umuntu umwe yarashwe.

Ku musi wa gatatu, prezida Nkurunziza, yamenyesheje kw’imyiyerekano iriko ibera mu bice bine gusa vy’igisagara ca Bujumbura, akaba avuga kw’ibice 99.9 kw’ijana vy’abanyagihugu babayeho mu mahoro.

Prezida Nkurunziza yasavye abari mu myiyerekano guhagarika imyiyerekano yabo, akaba yagabishije abajejwe igikorwa c’ugutangaza amakuru kudatuma ibintu bimera nabi kurushiriza.

XS
SM
MD
LG