Uko wahagera

Reta Zunze Ubumwe za Amerika Zizobandanya Gufasha inteko z'Uburundi zo muri AMISOM, muri Somaliya


Inteko za AMISOM muri Somaliya
Inteko za AMISOM muri Somaliya

Umutegetsi akomeye wo mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika, Pam Dockins, yamenyesheje ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zibandanya gushigikira inteko z’igihugu c’Uburundi, ziri muri iki gihe, i Mogadisho muri AMISOM.

Bifatiye ku mpamvu zerekeye umutekano mu Burundi, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zabaye zirahagaritse ibikorwa vy’ukumenyereza inteko zijejwe gucungera umutekano.

Amenyesha kw’ibikorwa vy’ukumenyereza n’ugufasha izo nteko vyahagaritswe ku nteko zimwe zimwe ku giti cazo, mu kurindira itohoza ku makuru y’ubwicanyi ndengerabutungane bwabereye, mu ntara ya Cibitoke, mu mpera z’ukwezi kw’icumi na kabiri, no mu ntango z’ukwezi kwa mbere, mu mwaka w’2015.

Pam Dockins amenyesha kw'ata nfashanyo yerekeye iterambere yahagaritswe.

XS
SM
MD
LG