Uko wahagera

Burundi: Amerika Ihagaritse Inkunga ya Tekiniki ku by'Amatora


Reta zunze ubumwe za Amerika zahagaritse uruhara zari zifise mu bikorwa vy’umurwi w’igihgu ujejwe gutunganya amatora, yamara ngo reta ya Amerika ishobora gusubira gutanga iyo ntererano yahora iha umurwi CENI ngo mu gihe reta ya perezida Pierre Nkurunziza yofata ingingo ziboneka zo kunagura ukuntu amatora ariko arategurwa.


Reta zunze ubumwe za Amerika zirateya akamo impande zose mu Burundi kazisaba gusubira mu biganiro kugira ngo zumvikane ku kirangamisi c’amatora hamwe no ku bintu bikenewe gukorwa kugira ngo hatunganywe amatora yemewe na bose, kandi abanyapolitike bongere bumvikane ku bindi bibazo, gushika ubu batumvikanako


Deparitoma ya reta ya amerika yatangaje kandi kw’ishigikiye igenwa rya Abdoulaye Bathily, intumwa idasanzwe akongera akaba n’umukuru w’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu mu ntara ya Afrika yo hagati, agiye gukorana n’intumwa z’ishirahamwe rya Afrika, intumwa z’sihirahamwe ry’ibihugu vyo mu muri Afrika yo mu buseruko hamwe n’intumwa zo mu kanama k’intara ya Afrika y’ibiyaga binini, mu gikorwa co guhuza impande zose mu Burundi gushika zitore inyishu z’ibibazo vya politike vyose.


Reta ya Ameriika irateye akamo kandi reta yUburundi kihutirwa kayisba gushira mu ngiro umugambi yatangaje wo guha uburenganzira abarorerezi b’ishriahamwe rya Afurika mu vyerkeye agateka ka zina muntu hamwe n’abandi barorererezi bokwiragira mu gihugu cose.


Mu kurangiza, Reta zunze ubumwe za Amerika ziriyimirije ibikorwa ivyarivyo vyose vyo mu bihugu vyo mu ntara, bishobora gutuma umutekano mu Burundi uhungabana kurusha, n’abanyagihugu bakahagorerwa.

XS
SM
MD
LG