Uko wahagera

Raporo y'Ishirahamwe, "Human Rights Watch" ku Burundi


Uburundi kw'ikarata
Uburundi kw'ikarata

Muri raporo ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Human Rights Watch, ryasohoyeku musi wa kane italiki zitandatu z'ukwezi kw'umunani, umwaka w'2015, ku Burundi, iryo shirahamwe rimenyesha ko abategetsi bajejwe iperereza mu Burundi, igipolisi n’imikangara yo mu mugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, CNDD-FDD bafashe ata mvo nyakuri bongera barakubagura abantu batari bake bikekwa ko batavuga rumwe n’ubutegetsi.

Abategetsi bajejwe iperereza bagiriza benshsi mu mikangara yafashwe ko yariko igerageza kuva mu gihugu, kandi ko yari ifise imigambi y’ukuja mu mirwi irwanya ubutegetsi.

Ishirahamwe, Human Rights Watch, ryatohoje amadossiers arenga ijana na mirongo ine n’umunani, hagati y’ukwezi kwa kane n’ukwezi kw’iindwi muri uyu mwaka w’2015, mu ntara zine z’Uburundi, n’umurwa mukuru, Bujumbura, arimwo uruhara rw’abategetsi bajejwe iperereza, igipolisi n’imikangara y’umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, CNDD-FDD, uzwi kw’izina ry’Imbonerakure.

Ishirahamwe Human Rights Watch, rivuga ko benshi mu bafashwe bakubiswe, bafatwa bunyamaswa.

Ivyo vyabaye mu kwezi kwa gatandatu n’ukwezi kw’indwi.

Ishirahamwe Human Rights Watch, ryabajije abantu barenga mirongo umunani bakorewe ayo mabi, aba aba,avoka, abaharanira agateka ka muntu, abategetsi bajejwe ubutungane, n’abandi batanze amakuru, muri izo ntara zine z’Uburundi, n’umurwa mukuru, Bujumbura.

Ishirahamwe riharanira agateka ka amuntu, Human Rights Watch, ririko kandi riratohoza ibintu nkivyo vyabaye mu zindi ntara z’igihugu.

Igitigiri c’abakorewe amabi mu gihugu cose gishobora kuba ari kinini kurushiriza.

Kugira rikingire umutekano w’abakorewe ayo mabi n’ivyabona, ishirahamwe Human Rights Watch, ntirimenyesha ibice amwe muri ayo mabi yabereyemwo.

Daniel Bekele, umuyobozi w’ishirahamwe, Human Rights Watch, mu karere ka Afrika, atangaza kw’ata burenganzira Imbonerakure zifise bw’uguhagarika uwariwe wese, ngo yamara zarafashe abantu ata mvo nyakuri, zirabakubita, zongera zibashikiriza abajejwe iperereza, bafashe bunyamaswa bamwe muribo.

Daniel Bekele, amenyesha ko Reta y’Uburundi yotegerezwa gutegeka icese Imbonerakure zose guhagarika gufata abantu, n’ukubonako Imbonerakure n’abajejwe iperereza, bagize uruhara mu gukubagura n’ugufata bunyamaswa abo bafashe, bashizwe imbere y’intahe.

Abakorewe amabi mu ntara zitari nke babwiye ishirahamwe Human Rights Watch, kw’Imbonerakure zabafashe, zirabakubita, rimwe na rimwe imbere y’abategetsi bajejwe iperereza. Bavuga ko bakubiswe inkoni, n’amahiri, bategekwa kwivumbagaza mu vyondo. Bamenyesha ko kenshsi Imbonerakure zashikirije abo zahagaritse abajejwe iperereza.

Ishirahamwe Human Rights Watch, ryaragerageje kuvugana na Telesphore Bigirimana, avugira ibiro vy’igihugu bijejwew iperereza, yaramara iryo shirahamwe ntiryashoboye kumushikira.

Ishirahamwe Human Rights Watch, rimenyesha ko ryararondeye kuvugana kw’itelefone, na Pascal Nyabenda, ayoboye umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, CNDD-FDD, ku rwego rw’igihugu, ko yamara yanse kurivugisha.

XS
SM
MD
LG