Uko wahagera

Mu Burundi, Abakenguzamateka Baratoye Ibiro Vy’Inama Nkenguzamateka.


Bamwe mu bari bajejwe ibiro vyo gutoreramwo
Bamwe mu bari bajejwe ibiro vyo gutoreramwo

Ku mus wa gatanu itariki 14 y’ukwezi kw’umunani, abakenguzamateka baratoye ibiro vy’inama nkenguzamateka, hisunzwe amategeko ajanye n’ ibitsina hamwe n’ubwoko.


Uwatowe ngo azorongore inama nkenguzamateka kuva mu mwaka wa 2015 gushika mu mawaka wa 2020 ni Reverien Ndikuriyo, yatowe mu ntara ya Makamba. Umushingantahe Ndikuriyo ahurikiye mu mugambwe CDDD-FDD, uri ku butegetsi. Arongoye kandi Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi.

Reverien NDIKURIYO yatowe n’abashingamateka 38 kuri 38.

Mu kibanza c’icegera ca mbere c’umukuru w’inama nkenguzamateka hatowe Spès Caritas Njebarikanuye. Yatowe mu ntara ya Gitega, akaba nawe nyene ari mu mugambwe CNDD-FDD. Yatowe n’abakenguzamateka 37 kuri 38.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’inamankenguzamateka ni Anicet NIYONGABO yatowe mu ntara ya Bururi. Na we nyene yatowe n’abakenguzamateka 37 kuri

38.

Mushobora kwumviriza inkuru ya Tabitha Mukamusoni :

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:38 0:00

XS
SM
MD
LG