Uko wahagera

Amerika Isaba Iperereza kw'Iyirwa rya Col. Bikomagu


Burundi: Umutekano muke muri Bujumbura
Burundi: Umutekano muke muri Bujumbura

Leta Zunzubumwe z’Amerika iriyamiriza igandagurwa rya koloneli bikomagu ryabaye ku munsi wa gatandatu.

Mw’itangazo ryasohowe n’ubuserukizi bw’Amerika mu Burundi, Amerika isaba ko ibiganiro vya politike bibandanya, imirwi yose ikihangana kandi ikaguma mw’ituze.

Amerika isaba ko hoba amatohoza ataho yegamiye, kandi yizigiwe na bose, ari kurubwo bwicanyi nyene ari no ku bundi bwabaye.

Yiyemeje gufasha gukwirikirana uwo wese yokwagirwa n’uguhungabanya canke gutuma agateka ka zina muntu gahungabana.

Amerika isaba imirwi yose ko yovavanura n’ukwishimikiza guhungabanya agateka ka muntu kugira bashikire ubutegetsi, bagasaba ko umwe wese yogira akigoro kugira ibiganiro bihuriyemwo bose, kandi bihagarariwe n’abigenga vyotunganywa mu ntumbero yo kuzana amahoro.

Leta zunze ubumwe z’Amerika yavuze iti ibiganiro birihuta kandi imirwi yose itegereza gukorana kugira ishike ku kintu cumvikanyweko cozanira amahoro abarundi.

Imirwi yose itegerezwa kwubahiriza agateka ka zina muntu, gushikiriza ivyiyumviro n’ubundi bwigenge ngenderwako bigatsimbatara. Iyo mirwi yose igomba kwisunga amasezerano ya Arusha canecane aho atomora ukusangira ubutegetsi, bwo shingiro ryo kwubaka amahoro.

Lza isaba inama nshingamateka na leta kwisunga ayo masezerano ya Arusha no kuvyo ategekanya mu gushinga intwaro itanyoganyoga mu Burundi.

XS
SM
MD
LG