Uko wahagera

Tuniziya: Ikibombe Cyahitanye 12 mu Murwa Mukuru


Minisitiri w’intwaro yo hagati muri Tuniziya amenyesha ko abantu bashika 12 aribo basize ubuzima ku murwa mukuru Tunis w’ico gihugu igihe hari igisasu caturikijwe ku bisi yarimwo abasoda bacungera umukuru w’igihugu.


Amakuru atangwa n’inzego z’umutekano no mu biro bikuru vy’umukuru w’igihugu amenyesha ko hataramenyekana neza ko coba ari ikibombe catezwe mur’iyo bisi canke ko coba ari igisasu carashwe kivuye hanze.


Pereziba Beji Caid Essebsi yaciye afata ingingo kubuza abanya Tunis gusohoka mw’ijoro kandi aca atumako inama yihuta kur’uno wa

gatatu y’urwego rujejwe kumucungerera umutekano.

XS
SM
MD
LG