Uko wahagera

Ubudagi: Impanuka Yahitanye Abantu Icenda

Amasanamu yafatiwe mu kirere yerekana aho amatereni abiri y'isosiyete, Meridian yasekaniye mu bumnauko bw'igihugu c'Ubudagi, kw'italiki 09 z'ukwezi kwa kabiri, umwaka w'i 2016.
Amasanamu yafatiwe mu kirere yerekana aho amatereni abiri y'isosiyete, Meridian yasekaniye mu bumnauko bw'igihugu c'Ubudagi, kw'italiki 09 z'ukwezi kwa kabiri, umwaka w'i 2016.

Igipolisi mu gihugu c’Ubudagi catangaje kw’impanuka y’itereni ku musi wa kabiri, mu bumanuko bw’igihugu, yahitanye abantu icenda. Abandi barenga ijana barakomeretse.

Isosiyete y’amatereni, Meridian yatangaje abiri mu matereni yayo yasekanye bikomeye, hafi y’ibilometero mirongo itandatu mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igisagara ca Munich.

Itangazo ry’abategetsi b’isosiyete, Meridian ku kubanza cayo ca interneti, rimenyesha ko baguye mu gahundwe kubera iyo mpanuka.

Igipolisi kimenyesha kw’abarenga mirongo itanu mu bakomeretse muri iyo mpanuka bakomeretse bikomeye.

Ukugene ayo matereni yariko agenda igihe iyo mpanuka yaba n’icanyumye asekana ntivyamenyekanye buno nyene.

XS
SM
MD
LG