Uko wahagera

Kirundo: Gerenade Yakomerekeje Batatu

Abantu 3 harimwo umusirikare yari mu karuhuko nibo baraye bakomerekejwe na gerenade yaraye itewe ku mutumba wa Kagege muri komine Busini. Abo baraye bakomeretse bavugako batashoboye kumenya uwateye gerenade.
Abo bavugako batokwemeza canke ngo bahakane ko iyo gerenade aribo yarondera kuko no mumicungararo aho yatewe hari abandi banyagihugu.
Mubajejwe intwaro Ijwi ry’Amerika ryashoboye kuronka umwe muri 5 batorewe gutwara umutumba wa Kagege. Uwo mutware yavuzeko bigaragara ko ibigwanisho bikiri vyinshi mubanyagihugu kandiko igikorwa co kubibaka gikwiye kubandanya. Iyo gerenade yatewe kugasoko ka Nyarunazi gasangiwe n’amakomine ya Kirundo na Busoni.
Mugihe atakwezi kwari bwahere hatewe iyindi gerenade kuri ako gasoko kuruhande rwa komini Kirundo, abanyagihugu baho basaba ko hoshikanwa vyabikoresho karuhariwe mukurondera ibigwanisho binyegeje mu banyagihugu.

Voma ibindi

XS
SM
MD
LG