Uko wahagera

Siriya: Igisagara ca Aleppo Kiri mu Gahengwe


Leta zunze Ubumwe z’Amerika n’Uburusiya kuwa gatatu barapfunditse amasezerano yo guhagarika intambara ibica bigacika mu gisagara ca Aleppo muri Siriya.

Iyo ntambara hagati ya leta ya Siriya n’abayigwanya imaze guhitana abasivile 280 kuva itanguye mu mpera z’ukwezi kwa kane guheze.

Deparotema ya leta ya Amerika yamenyesheje kuwa gatatu ko iryo hagariwa ry’imigwano mu gisagara ca Aleppo ryumvikanyweko kandi ko ryatanguye kwubahirizwa kuva isaha zitandatu z’ijoro mu masaha yo muri Siriya.

Leta ya Siriya yamenyesheje ko izoyubahiriza ariko ibandanya ivuga ko ari agahengwe k’amasaha 48 gusa atarenga, mugihe abayirwanya bavuga ko intambara yohagaragara mu gihugu cose atari mu gisagara ca Aleppo gusa.

Hagat’aho, I New York, Ibihugu vy’Ubwongereza n’Ubufaransa vyasavye inama ya ONU ijejwe umutekano ko yokorana vyihuta kugira yige ku ntambara yo mur’ico gisagara ca Aleppo.

XS
SM
MD
LG