Uko wahagera

Burundi: Abantu Babiri Basize ubuzima mu Gitero Co Kuwa Gatandatu


Abavukanyi n’ababanyi ba Masumbuko Prime Abduli bariko baramushingura, I Bujumbura, Burundi kur’uyu wa mungu itariki 28/6/2015.

Ababibonye bagiriza igipolisi ko arico kir’inyuma y’ubwo bwicanyi. Ivyo babivuga mugihe igihugu citeguriye kuja mu matora y’abajenama b’amakomine n’ayabashingamateka kur’uyu wa mbere.

Nkuko bimenyeshwa na Mohamed Masumbuko avukana n’uwo muhisi, Masumbuko Prime Abdul, yishwe na grenade, mu maso hiwe ntihashobora kumenyekana uwo ari we.

Yagiriza igipolisi ko arico cabateye. Ntivyakunze ko tubaza igipolisi ngo kigire ico kibivuzeko, ico naco kikaba caragirijwe akatari gake ko kirasa abari mu myiyerekano biyamiriza ikiringo ca gatatu ca nkurunziza.

XS
SM
MD
LG