Uko wahagera

Ibiharuro Mfatakibanza Vy’Amatora y”Umukuru w’IGihugu


Burundi Election
Burundi Election

Ku musi wa gatanu itariki 24 y’ukwezi kw’indw, niho umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora washikiriza ibiharuro vyavuye mu matora yabaye kw’igenekerezo rya 21 ry’ukwezi kw’indwi.

President Pierre Nkurunziza niwe yatahukanye itsinzi afise amajwi 69, 41 %, akwirikirwa na Agathon Rwasa, yaronse amajwi 18,99%. Ikibanza ca gatatu catsindiwe na Gerard Nduwimana yahiganywe ku giti c’umugambwe Uprona, yaronse amajwi 2.14% mu gihe Dr. Jan Minani yatsindiye ikibanza kigira kane, afise amajwi 1,36 %.

Inyuma y’aho ivyo biharuro bitangarijwe, umukuru w’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDd, Pascal Nyabenda yabwiye iradiyo Ijwi rya Amerika kw’umugambwe wiwe ukeje umukuru w’igihugu,yongera avuga kw’ibwirizwa shingiro rivuga kw’imigambwe yaronse amajwi 5%, canke arenga ifise uburenganzira bwo kuja muri reta.

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:20 0:00

Umuvugizi wa Rwasa Agathon yaronse ikibanza kigira kabiri, Francois Bizimana, avuga kwo uruhande rwiwe rwiteze ko hazoba reta y’ubumwe.

Mushobora kwumviriza

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:32 0:00

XS
SM
MD
LG