Uko wahagera

Ese Biroroshye Kubwira Umwana ko Yanduye Sida?


Umuvyeyi agendana umugera wa SIDA kumwe n'umwana wiwe yanduye bari ku bitaro vyo muri Malawi
Umuvyeyi agendana umugera wa SIDA kumwe n'umwana wiwe yanduye bari ku bitaro vyo muri Malawi

Abavyeyi bagendana umugera wa sida iyo basanze baranduje abana babo, baragira ikibazo iyo hageze ko babibabwira. Akenshi kubera kugutinya ingene abo bana bazovyakira. Barashima kubikora, bakarondera ico babesha. Bamwe mu baganiriye n’Ijwi ry’Amerika, bavuga ko badashobora kwubahuka kubwira umwana ko afise umugera wa sida ku gutinya ko vyohava bimuca intege.

Si ikintu rero coroshe ku muvyeyi kubwira umwana wiwe ko agendana umugera wa sida. Kumbure aba ategerezwa kunywa umuti ubuzima bwiwe bwose. Biranashika ko abana bagumuka bakanka kuwunywa mu gihe baba babona ko nko mu nzu aribo bonyene babayeho uko, bigasaba ko hagira abahanuzi bagira ico baterereye kugira bumvishe nk’abo bana akamaro ko kunywa uwo muti. N’abo bavyeyi bakabona igituma bategerezwa kubwiza abana babo ukuri.

Umunyamakuru w’Ijwi ry’Amerika, Francine Ndihokubwayo, yaganiriye n’abana bagendana umugera wa Sida adutegurira inkuru ikurikira.

Wobwira Gute Umwana Wawe ko Yanduye?
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:58 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG